{"id":4823,"date":"2017-02-06T09:05:13","date_gmt":"2017-02-06T09:05:13","guid":{"rendered":"https:\/\/new.bwiza.com\/2017\/02\/06\/perezida-nkurunziza-yagereranyine-ubwicanyi-gahini-yakoreye-aberi-n-ubwabaye-i\/"},"modified":"2025-02-12T17:05:58","modified_gmt":"2025-02-12T15:05:58","slug":"perezida-nkurunziza-yagereranyine-ubwicanyi-gahini-yakoreye-aberi-n-ubwabaye-i","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823","title":{"rendered":"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi"},"content":{"rendered":"<p>Kuri iki cyumweru tariki ya 5 Gashyantare 2017, nibwo Perezida Nkurunziza yagarutse ku bwicanyi bwabaye i Burundi, ko bibabaJe kubona Abarundi baricanye basangiye ibere rimwe, abigereranya na Gahini wishe Aberi kandi ari abavandimwe.<br \/>\nUmukuru w\u2019igihugu yatangaje kandi ko bigaragara ko hari abashyize imbere umuco wo kwimakaza amacakubiri bateranya Abarundi, akabibutsa ko bakagombye kumenya ko ubumwe bw\u2019Abarundi aribwo bwakuye igihugu cyabo mu kaga.<br \/>\nIbi Perezida Nkurunziza yabitangaje kuri uyu wa 5 Gashyantare 2017, ubwo bizihizaga isabukuru y\u2019imyaka 26 ishize Abarundi  bemeje amasezerano y\u2019ubumwe yo kudasubiranamo biturutse ku ivangura rishingiye ku moko, yasinywe tariki ya 5\/02\/1991.<br \/>\n[xyz-ihs snippet=&#8221;google-pub&#8221;]<br \/>\n <strong>Ijambo ryose rya Perezida Nkurunziza<\/strong><br \/>\n1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yatuzigamye gushika kuri uyu musi mwiza, aho turamutse duhimbaza imyaka 26 iheze Abarundi biyemereje amasezerano y\u2019Ubumwe bwabo.<br \/>\n2. Imyaka 26 irumanye Abarundi baraganye kugaruka mu nzira y\u2019Ubumwe basezeranye kwirinda, kwamirira kure no kurwanya ico cose coza kubacanishamwo iyo coturuka hose, biyemeza kurwanya uwo wese yitwaza amacakubiri y\u2019amoko, intara, amadini, n\u2019ayandi mazimwe.<br \/>\n3. Turipfurije Abarundi bose, abari mu Burundi n\u2019abari hanze y\u2019igihugu umusi mukuru mwiza w\u2019Ubumwe bwacu, Ubumwe shingiro ry\u2019ubuzima bw\u2019igihugu cacu bukaba n\u2019isoko ry\u2019amahoro n\u2019iterambere rirama.<br \/>\n4. Duhimbaje uyu musi twisunze icivugo gikurikira :\u00ab Dutsimbataze Ubumwe bwo nkinzo y\u2019Amahoro n\u2019Iterambere birama \u00bb. Uyu musi nubere zina Murundi wese akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama yo gutsimbataza ubumwe mu mvugo no mu ngiro.<br \/>\n5. Kubera iyo nama nziza Abarundi twigiriye, kubera iyo ngendo iteye igomwe Abarundi twafashe, uyu musi udasanzwe mu buzima bw\u2019Igihugu cacu ushitse twunze Ubumwe kandi turi mu mahoro.<br \/>\n6. Intumbero y\u2019uwu musi mukuru rero ni ukuzirikana, tugakubitiza agatima mpembero, tukibukanya intambamyi zose zasubije inyuma Ubumwe bw\u2019Abarundi na cane cane dufatiye ku muzo w\u2019abakoroni babaye inkomoko y\u2019intwaro za karyanishamiryango mu Burundi.<br \/>\nBarundi, Barundikazi, Ncuti z\u2019Uburundi ;<br \/>\n7. Basokuru nta mategeko yanditse bisunga mu gutunganya ivy\u2019igihugu canke mu mibano yabo. Aha twovuga ibijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, gushira imbere ukuri, ingingo n\u2019ubutungane, kwubaha amategeko n\u2019indongozi, kwubahana hagati y\u2019abantu, gufashanya, gushigikirana no gutabarana, kugendera ubuntu n\u2019ibindi,\u2026 Ivyo vyose vyari mu mico n\u2019imigenzo y\u2019Abarundi, bigashimangirwa n\u2019indero yo kuziko no mu kibano, maze ikizira bakakiziririza, bakibanira neza mu mahoro ata wanrya wangura, bakongera bagatorera umuti amatati n\u2019ibibazo bitandukanye mu mutekano ntangere.<br \/>\n8. Aho hambere ibintu vy\u2019amoko n\u2019intara imburakimazi zagiye zirogerako mu kuryanisha Abarundi mu bihe biheze n\u2019ivya none ntivyavurwa kuko ico Umurundi yashira imbere wari umuryango wagutse akomokamwo, abasangiye abasokuru bamwe wasanga bashikirana cane nk\u2019abavukanyi. Ubumwe bugahera aho, bugashamikira ku guhana inka, amatongo n\u2019abageni. Vyongeye, tuzirikane ko n\u2019Imana mu guhezagira Igihugu yama ica ku muntu canke ku muryango.<br \/>\n9. Iruhande y\u2019ivyo, umuryango wose waba ufise ico ujejwe mu buzima bw\u2019Igihugu, nk\u2019ingabire abagize umuryango bahawe n\u2019Imana. Maze imiryango yose ikuzuzanya, ikaba magiriranire. Umworozi yakenera umurimyi, umuhigi agakenera umucuzi, umukomyi w\u2019impuzu agakenera umubumvyi w\u2019inkono, Umwami n\u2019abamufasha bagakenera abakevyi n\u2019abungere.<br \/>\n10. Hariho n\u2019abafasha Umwami kurongora Igihugu mu vyibare, ingabo, abanyamabanga, abacuzi, abahigi, incoreke, abavuzi, abagendereza ibihe, abakamyi, n\u2019abandi, n\u2019abandi. Benshi muri abo bava mu baganwa, abahanza, abajiji, abanyange, abanyakarama, ababanda, abenengwe n\u2019iyindi miryango.<br \/>\n11. Umuryango wari nk\u2019icirore abantu barabiramwo abawugize ; intwari mu muryango yatera iteka abawugize bose, inera igatera iceyi bose. Ni naho hakomotse imyibutsa nk\u2019iyi :\u00ab Umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango, canke ngo \u00ab Umwami akubaza umuryango ntakubaza ico warariye \u00bb.<br \/>\n12. Kenshi na kenshi, abasangiye umuryango baba bakomoka ku musekuru umwe ariko hari aho izina ryava ku mamuko y\u2019iyo baje bava. Mwomenya kandi ko hari imiryango myinshi isangiwe n\u2019abahutu, abatutsi n\u2019abatwa. Uturorero ni nk\u2019Abajiji, Abacuri, Abanyakarama, Abaha, Abenengwe, Abungura, Abakiga, n\u2019iyindi. Biragaragara neza ko mu miryango y\u2019Abarundi ariho koko Ubumwe nyabumwe bwabarizwa ; ni naho abakoroni bashimikiye mu gusambura Ubumwe bw\u2019Abarundi.<br \/>\n13. Twihweje urahara rudasanzwe imiryango yari ifise mu gushimangira Ubumwe bw\u2019Abarundi, tukihweza ingaruka mbi zatewe n\u2019ugutatana kw\u2019imiryango aho mbere ugasanga abayigize batakimenyana, batakiramukanya canke ngo bafashanye, dusanga vyoba vyiza dusubiye kw\u2019iragi ryiza rya basokuruza, tukareka guhendwa tubona.<br \/>\nBirababaje cane kubona hari abicanye kubera amacakubiri kandi mu mamuko bari basangiye umuryango, kumwe Kahini yica umuvukanyi wiwe Aberi bikamubera intandaro y\u2019umuvumo w\u2019akaramata.<br \/>\n14. Ko basokuru rero badusigiye amakanda y\u2019Urukundo n\u2019Ubumwe, nta cobuza ko iyo nzira baciyemwo ikaberera twoyicamwo natwe, mbere tukayinoza gusumba, tureke kuba ba katiyunguruza dutere intambwe dukutse isemo aho bari bayigejeje, gurtyo abazokwaruka mu nyuma bariko barihweza ivyo twaciyemwo muri kahise k\u2019Igihugu cacu baze bavuge bati : iyo hadaseruka abagabo Igihugu cari guhava kigenda akagirire.<br \/>\n15. Ivyigwa vyakozwe n\u2019abo baje kutuyovya mu kuducamwo imigwi no kutuvangura bitwaje amazuru, imisaya n\u2019imbaga z\u2019aba na bariya, birerekana neza ko iyo abantu badasangiye ubwoko badaheza ngo basangire ururimi, imico n\u2019imigenzo. None ko Abarundi tuvuga ururimi rumwe, tukagira imico n\u2019imigenzo imwe, Ababirigi bisunze iki mu kutugaburamwo amoko atatu ?<br \/>\n16. Ntawovuga ko amajambo \u00ab Umuhutu, Umututsi canke Umutwa \u00bb yazanywe n\u2019abakoroni. Ikibi Ababirigi bakoze ni ukuyaha insiguro n\u2019intumbero itandukanye cane n\u2019insiguro n\u2019intumbero Abarundi bayaha. Ivyo biragaragara neza mw\u2019itegeko ry\u2019Umwami w\u2019Ababirigi Albert 1er ryo kuwa 21 Myandagaro 1925, ritunganya intwaro muri Kongo, Urwanda n\u2019Uburundi. Iryo tegeko niryo nkwezi y\u2019akarongo y\u2019amazimwe yazingamitse Uburundi kugeza uno musi. Vyongeye, iryo tegeko n\u2019ubu ntirirafutwa.<br \/>\n17. Ikibabaje cane n\u2019uko n\u2019inyuma y\u2019aho Uburundi buhaburije Intahe y\u2019Ukwikukira, umushinge w\u2019Ubumwe wari ushingiye kuri Rwagasore n\u2019Intwari zamufasha waciye usenyurwa, Uburundi buramutswa indongozi zigendera ku mabwire n\u2019imigambi vy\u2019abakoroni, bamwe mu benegihugu baratotezwa bazira ubwoko bometsweko kurya bomeka iparati ku modokari, abandi batotezwa bazira intara batatoye kuvukiramwo, bamwe baragandagurwa, abandi barangazwa, amaganya n\u2019amarira, intuntu n\u2019agahinda, bishwara Uburundi imyaka n\u2019iyindi.<br \/>\nBarundi, Barundikazi, Ncuti z\u2019Uburundi ;<br \/>\n18. Ego niko haraciye imyaka 26 dusezeranye gusubira kw\u2019Iragi ry\u2019Ubumwe twarazwe na basokuru. Yamara rero, uno musi ntawovuga ngo Ubumwe bw\u2019Abarundi ni inzu yuzuye canke ngo ni inzira yanoze. Muti none hokorwa iki ngo Uburundi burangwe n\u2019Ubumwe atari uruhendo, Ubumwe nya bumwe atari mu mvugo gusa ?<br \/>\nKubera ko Ubumwe, gufatana munda no gutabarana ari bimwe mu biranga Imico y\u2019Abarundi, bikwiye kwigishwa kandi bikagirwa ikiyago muri vyose na hose ;<br \/>\n<br class=\"autobr\" \/>Zina Murundi wese ahamagariwe kwamirira kure imvugo n\u2019ingendo y\u2019amacakubiri, Ubumwe akabugira igitero n\u2019icitabirizo mu buzima bwa misi yose ;<br \/>\n<br class=\"autobr\" \/>Kwibutsa kandi tukibukiriza tudahengeshanya ko mu butandukane bwacu, dusangiye Umuvyeyi umwe ari bwo Burundi ; Gukunda Igihugu catwibarutse, tukama tuzirikana ko ari umurima w\u2019isangi, twese tukanezerwa no kwitwa Abarundi ; Kwama tuzirikana tudahengeshanya ko nyamwigendako atarimira impeshi, maze hagatunganywa imigambi myiza n\u2019ibikorwa bihuza Abarundi ;<br \/>\n<br class=\"autobr\" \/>Guha ikibanza kibereye Abarundi bagendera Ubumwe, kugira n\u2019abandi babafatireko akarorero ;<br class=\"autobr\" \/>Kwama twibukanya ko Ubumwe ari inkinzo n\u2019umushinge w\u2019iterambere rirama ;<br \/>\n<br class=\"autobr\" \/>Kwamirira kure, imvugo canke ingendo y\u2019amacakubiri n\u2019izindi nyifato zivangura canke ziryanisha Abarundi ;<br class=\"autobr\" \/>Gushingira intahe ukuri, Ubutungane n\u2019Ingingo bikiganza mu Burundi nkuko vyari imbere y\u2019umuzo wa ba sesankuyoze ;<br \/>\n<br class=\"autobr\" \/>Kudomako urutoke tukongera tugashengeza ba mpemuke ndamuke, tukiyamiriza ico cose codusubiza mw\u2019ihumbi canke iyo twavuye ;<br \/>\n<br class=\"autobr\" \/>Inyigisho zo gukunda Igihugu zotegekanya ibigabane bifasha abenegihugu gutegera no kuzirikana akamaro k\u2019Ubumwe n\u2019ingaruka mbi z\u2019indyane ;<br \/>\n<br class=\"autobr\" \/>Kumenya kandi tukamenyera ko ico dupfana kiruta ico dupfa, kandi ko ubudasa bwacu ari nyabuna ubutunzi kuko butuma twuzuzanya ;<br \/>\n<br class=\"autobr\" \/>Gukingira imico n\u2019imigenzo myiza vyamye biranga ba sokuru ;<br class=\"autobr\" \/>Ibimenyashamakuru bisabwe guha ikibanza gikwiye ibiganiro n\u2019utugenegene bikomeza Ubumwe bw\u2019Abarundi.<br \/>\n[xyz-ihs snippet=&#8221;google-pub&#8221;]<br \/>\n19. Muri uno mwaka, twaratanguje isekeza ryo guhimiriza Abarundi ngo bagire inyifato ibereye, bagendere ubuntu, bisunge na ntaryo imico n\u2019imigenzo kama ya basokuru. Mu nyigisho nkarishabwenge dutegekenya, Ubumwe bw\u2019Abarundi buzohabwa ikibanza kibereye.<br \/>\n20. Duhiriwe dushije, hari ibimenyetso bitabesha bigaragaza ko Abarundi batari bake bamaze kwumva akamaro ko guharanira Ubumwe, no kubutsimbataza. Akarorero ka hafi tukagafatira ku bihitiye aho ba mpemuke ndamuke bafatanije na ba kavamahanga bagize amacakubiri no kuryanisha abonse rimwe umwuga ataco batakoze ngo bacanishemwo Abarundi ariko bikabata ku w\u2019amazi.<br \/>\n21. Ubumwe turamutse twigina uno musi si urwigano. Ni iragi ryiza twarazwe. Muribuka mbere ko mu gusozera Ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu tuvuga tuti : \u00ab Horana Ubumwe n\u2019Abagabo n\u2019Itekane \u00bb. Ubumwe kandi buza imbere mu civugo c\u2019Igihugu cacu : \u00ab Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere \u00bb.<br \/>\n22. Twovuga ko Ubumwe ari itunga rihambaye n\u2019amakungu yose akamisha kugirango ashike ku mahoro n\u2019iterambere birama. Twame rero nta ntaryo twirinda kubwanjanjwako.<br \/>\nBarundi, Barundikazi, Ncuti zUburundi ;<br \/>\n23. Muri kino gihe, biragaragara ko abashize umutahe mu kudandaza amacakubiri bateranya beneburundi basa n\u2019abatamba birorera, kuko atari benshi babaha nirwere. Dufatane mu nda rero mu kuzirikana ko Ubumwe bw\u2019Abarundi aribwo bwamye ari inkinzo yakingiye Igihugu cacu mu makuba caciyemwo, maze duharire ivomo abo bose bakirota gucanishamwo Abarundi.<br \/>\n24. Duhamagariye Abarundi bose kwuzuzanya, biyumvemwo Igihugu cabibarutse, bahaguruke bashire inguvu zabo hamwe mu budasa bwabo, bashigikire ico cose kizanira ineza Abenegihugu maze duteze imbere igihugu cacu.<br \/>\n25. Tuboneyeho akaryo ko gusubira gutera akamo abahunze Igihugu bose ngo bagaruke bafashanye n\u2019abavukanyi babo kwubaka igihugu mu gihe tubona ko amahoro asasagaye hose ; tugasaba Abarundi bose kwerekana umutima w\u2019urukundo wamye ubaranga mu kwakira benewabo bariko barahunguka, babafashe, babashigikire, basabikanye ivyo babasanganye, babereke ko bisanze.<br \/>\n26. Twashaka kandi gusubira kubasaba kubandanya mushigikira umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi uri ku kivi. Kugira Ubumwe butsimbatare, ivyagiye birabutosekaza nk\u2019ibinyoma, inzigo y\u2019akazikira, insaku, ibihuha, amarementanya, kunyegeza ukuri kuri kahise n\u2019izindi ngeso mbi bije ahabona, hanyuma tubone kwigira Inama y\u2019intango nshasha y\u2019amahoro Imana yatwihereye atawe igishije inama.<br \/>\n27. Twipfurije Abarundi bose iyo bava bakagera guhimbaza umusi mukuru w\u2019Ubumwe bwabo mu rweze, twese hamwe Dutsimbataze Ubumwe bwo nkinzo y\u2019Amahoro n\u2019Iterambere birama.<br \/>\nImana ihezagire uburundi n\u2019abarundi yongere<br \/>\nItwungire ubumwe, murakoze!<br \/>\n\u00a0<br \/>\n <em> <strong><a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/bwizam\">K<\/a><a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/bwizam\">anda hano ujye ubona amakuru yihuse kandi kugihe kuri Facebook <\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/bwizaonlinenews\">no kuri twitter<\/a><\/strong> <\/em><br \/>\n <strong> <em>@Bwiza.com<\/em> <\/strong> <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuri iki cyumweru tariki ya 5 Gashyantare 2017, nibwo Perezida Nkurunziza yagarutse ku bwicanyi bwabaye i Burundi, ko bibabaJe kubona Abarundi baricanye basangiye ibere rimwe, abigereranya na Gahini wishe Aberi kandi ari abavandimwe. Umukuru w\u2019igihugu yatangaje kandi ko bigaragara ko hari abashyize imbere umuco wo kwimakaza amacakubiri bateranya Abarundi, akabibutsa ko bakagombye kumenya ko ubumwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":2,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[401],"tags":[],"class_list":["post-4823","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-politiki-rw"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v28.3 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi - BWIZA<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_US\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi - BWIZA\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Kuri iki cyumweru tariki ya 5 Gashyantare 2017, nibwo Perezida Nkurunziza yagarutse ku bwicanyi bwabaye i Burundi, ko bibabaJe kubona Abarundi baricanye basangiye ibere rimwe, abigereranya na Gahini wishe Aberi kandi ari abavandimwe. Umukuru w\u2019igihugu yatangaje kandi ko bigaragara ko hari abashyize imbere umuco wo kwimakaza amacakubiri bateranya Abarundi, akabibutsa ko bakagombye kumenya ko ubumwe [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823\" \/>\n<meta property=\"og:site_name\" content=\"BWIZA\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2017-02-06T09:05:13+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2025-02-12T15:05:58+00:00\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"Mecky Merchiore Kayiranga\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"Mecky Merchiore Kayiranga\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Est. reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"8 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\\\/\\\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?p=4823#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?p=4823\"},\"author\":{\"name\":\"Mecky Merchiore Kayiranga\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/#\\\/schema\\\/person\\\/204be5a5dba716e2a0eaad5574744c72\"},\"headline\":\"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi\",\"datePublished\":\"2017-02-06T09:05:13+00:00\",\"dateModified\":\"2025-02-12T15:05:58+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?p=4823\"},\"wordCount\":1584,\"commentCount\":0,\"publisher\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/#organization\"},\"articleSection\":[\"Politiki\"],\"inLanguage\":\"en-US\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?p=4823#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?p=4823\",\"url\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?p=4823\",\"name\":\"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi - BWIZA\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/#website\"},\"datePublished\":\"2017-02-06T09:05:13+00:00\",\"dateModified\":\"2025-02-12T15:05:58+00:00\",\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?p=4823#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-US\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?p=4823\"]}]},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?p=4823#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/#website\",\"url\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/\",\"name\":\"BWIZA\",\"description\":\"Isoko y&#039;amakuru acukumbuye\",\"publisher\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/#organization\"},\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-US\"},{\"@type\":\"Organization\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/#organization\",\"name\":\"BWIZA\",\"url\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/\",\"logo\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/#\\\/schema\\\/logo\\\/image\\\/\",\"url\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/wp-content\\\/uploads\\\/2026\\\/03\\\/bwiza-ikirango.png\",\"contentUrl\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/wp-content\\\/uploads\\\/2026\\\/03\\\/bwiza-ikirango.png\",\"width\":150,\"height\":42,\"caption\":\"BWIZA\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/#\\\/schema\\\/logo\\\/image\\\/\"}},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/#\\\/schema\\\/person\\\/204be5a5dba716e2a0eaad5574744c72\",\"name\":\"Mecky Merchiore Kayiranga\",\"url\":\"https:\\\/\\\/bwiza.com\\\/?author=2\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi - BWIZA","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823","og_locale":"en_US","og_type":"article","og_title":"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi - BWIZA","og_description":"Kuri iki cyumweru tariki ya 5 Gashyantare 2017, nibwo Perezida Nkurunziza yagarutse ku bwicanyi bwabaye i Burundi, ko bibabaJe kubona Abarundi baricanye basangiye ibere rimwe, abigereranya na Gahini wishe Aberi kandi ari abavandimwe. Umukuru w\u2019igihugu yatangaje kandi ko bigaragara ko hari abashyize imbere umuco wo kwimakaza amacakubiri bateranya Abarundi, akabibutsa ko bakagombye kumenya ko ubumwe [&hellip;]","og_url":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823","og_site_name":"BWIZA","article_published_time":"2017-02-06T09:05:13+00:00","article_modified_time":"2025-02-12T15:05:58+00:00","author":"Mecky Merchiore Kayiranga","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"Mecky Merchiore Kayiranga","Est. reading time":"8 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823"},"author":{"name":"Mecky Merchiore Kayiranga","@id":"https:\/\/bwiza.com\/#\/schema\/person\/204be5a5dba716e2a0eaad5574744c72"},"headline":"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi","datePublished":"2017-02-06T09:05:13+00:00","dateModified":"2025-02-12T15:05:58+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823"},"wordCount":1584,"commentCount":0,"publisher":{"@id":"https:\/\/bwiza.com\/#organization"},"articleSection":["Politiki"],"inLanguage":"en-US","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/bwiza.com\/?p=4823#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823","url":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823","name":"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi - BWIZA","isPartOf":{"@id":"https:\/\/bwiza.com\/#website"},"datePublished":"2017-02-06T09:05:13+00:00","dateModified":"2025-02-12T15:05:58+00:00","breadcrumb":{"@id":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823#breadcrumb"},"inLanguage":"en-US","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/bwiza.com\/?p=4823"]}]},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/bwiza.com\/?p=4823#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/bwiza.com\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Perezida Nkurunziza yagereranyine ubwicanyi Gahini yakoreye Aberi n\u2019ubwabaye i Burundi"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/bwiza.com\/#website","url":"https:\/\/bwiza.com\/","name":"BWIZA","description":"Isoko y&#039;amakuru acukumbuye","publisher":{"@id":"https:\/\/bwiza.com\/#organization"},"potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/bwiza.com\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-US"},{"@type":"Organization","@id":"https:\/\/bwiza.com\/#organization","name":"BWIZA","url":"https:\/\/bwiza.com\/","logo":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/bwiza.com\/#\/schema\/logo\/image\/","url":"https:\/\/bwiza.com\/wp-content\/uploads\/2026\/03\/bwiza-ikirango.png","contentUrl":"https:\/\/bwiza.com\/wp-content\/uploads\/2026\/03\/bwiza-ikirango.png","width":150,"height":42,"caption":"BWIZA"},"image":{"@id":"https:\/\/bwiza.com\/#\/schema\/logo\/image\/"}},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/bwiza.com\/#\/schema\/person\/204be5a5dba716e2a0eaad5574744c72","name":"Mecky Merchiore Kayiranga","url":"https:\/\/bwiza.com\/?author=2"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/bwiza.com\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts\/4823","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/bwiza.com\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/bwiza.com\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/bwiza.com\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/users\/2"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/bwiza.com\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Fcomments&post=4823"}],"version-history":[{"count":0,"href":"https:\/\/bwiza.com\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts\/4823\/revisions"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/bwiza.com\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Fmedia&parent=4823"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/bwiza.com\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Fcategories&post=4823"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/bwiza.com\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Ftags&post=4823"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}