Kaminuza y’Uburundi iherutse gufata ingingo yo kwirukana burundu abanyeshure 422 bo mu gace k’Indome muri uyu mwaka w’amashuri wa 2015- 2016.
Iyo ngingo yafashwe inyuma y’amezi abiri abo banyeshure bari bamaze mu myigaragambyo, Abanyeshure birukanywe bavuga ko barenganijwe kubera bari bemeye gusubira mw’ishure mu gihe bategereje ko ibibazo gishakirwa igisubizo.
Abayobozi ba kaminuza y’Uburundi bemeza ko ntahohoterwa ryabaye mu gufata uyu mwanzuro, Valos Runyagu, umuyobozi ushinzwe imyigishirize muri kaminuza y’Uburundi yavuze ko aba banyeshuri bakoze amakosa.
Ariko yemeza ko bagifise amahirwe yo gusubira kwiyandikisha mu yandi mashami bifuza mu mwaka utaha.
Abo banyeshure babona ko ubuzima bwabo bw’ishuri busa n’ubwahagaze.
Bagenzi babo bakiri ku mirimo bavuga ko bashobora guhagarika amasomo mu gihe bagenzi babo batakwemererwa kugaruka mu ishuri.
Abanyeshure birukanywe basaba ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi kubareka bagasubira mu ishuri hanyuma hagakurikiraho ibiganiro byo gushakira ikibazo cyabo igisubuzo.
Amashure 11 kuri 20 yo mu gace k’Indome muri kaminuza y’Uburundi niyo yari yahagaritse amasomo kuva mu ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka.
Kanda hano ujye ubona amakuru yihuse kandi kugihe kuri Facebook no kuri twitter
Tuyishime Malachie/Bwiza.com


