GettyImages-2257917550.jpg

Umutoza Jose Mourinho yasubiye muri Real Madrid

Sangiza iyi nkuru

Ikipe ya Real Madrid yemeje ko yagaruye Jose Mourinho nk’umutoza mukuru. Uyu munya-Portugal w’imyaka 63 yemeye amasezerano y’imyaka itatu, azatangira akazi tariki 13 z’ukwezi gutaha kwa Nyakanga.

Real yishyuye Benfica miliyoni 15 z’ama-euro y’ikiguzi ku masezerano Mourinho bita ‘The special one’ yari agifite muri iyo kipe y’iwabo.

Agarutse i Bernabeu nyuma y’imyaka 13 ahavuye nk’umutoza wa Real.

Perezida w’iyi kipe Florentino Perez yari yahigiye ko azagarura Mourinho naramuka atorewe gukomeza gutegeka iyi kipe mu matora yabaye mu ntangiriro z’uku kwezi.

Perez w’imyaka 79, ukuriye iyi kipe kuva mu 2009, yatsinze ayo matora ku majwi 65%.

Byahise biha inzira Mourinho, wahesheje Porto na Inter Milan ibikombe bya Champions League, yo kugaruka muri Madrid yatwaye icyo gikombe inshuro 15.

Ubwo yari muri Madrid guhera mu 2010 akahamara imyaka itatu Mourinho yatwaye igikombe cya La Liga, Copa del Rey, na Super Cup ya Espagne.

Real Madrid igaruye Mourinho nyuma y’imyaka ibiri nta gikombe na kimwe itwara.

Soma Izindi Nkuru

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *