RDC na Tanzania zabimburiye izindi mu gusezererwa mu majonjora ya CAN

Sangiza iyi nkuru

Ikipe y’Igihugu ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo ‘Les Léopalds’ na Taifa Stars ya Tanzania, ziri mu zabimburiye izindi mu gusezererwa mu majonjora yo gushaka itike y’Igikombe cya Afurika.

Abakongomani basezerewe nyuma yo kunyagirwa na Gabon ibitego 3-0, mu mukino wa gatanu wo mu tsinda D.

Ibitego bya Aaron ku munota wa 44, Denis Bouanga ku wa 72 na Pierre Emerick Aubameyang ku wa 86; byari bigagije kugira ngo Gabon ikure amanota atatu ku Bakongomani yahise ayihesha itike ya CAN.

Iyi Gabon yazamukanye na Gambia yakatishije bwa mbere itike yo kwitabira imikino y’Igikombe cya Afurika, mu gihe Congo Kinshasa na Angola zahise zisezererwa.

Tanzania ku rundi ruhande yasezerewe nyuma yo gursindwa na Guinée-Equatiriale igitego 1-0 cya Emilio Nsue.

Amakipe yamaze gusezererwa arimo RD Congo, Tanzania, Kenya, Togo, Angola, Sudani y’Epfo na Zambia yaraye iguye miswi na Algeria ibitego 3-3.

Muri rusange amakipe amaze kwizera itike ya CAN arimo Algeria, Burkina Faso, Caméroun, Guinée, Mali, Sénégal, Tunisia, Gabon, Gambia, Ibirwa bya Comores, Ghana na Misiri igiye kwitabira kariya gahigo ku nshuro ya 25 yikurikiranya.

Kurikira ibiganiro n’amavidewo binyura kuri Bwiza TV

Soma Izindi Nkuru

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *